Rundi (Kirundi)

Parent Network of WNY

Mbega urajwe ishinga n’iterambere cokimwe no kwiga vy’umwana wawe? Nimba urajwe ishinga no gutambuka , kuvuga , inyifato , gutegera ivyo asiguriwe no gukurikira mw’ishuri , nimba yarapimwe canke wikeka ko yoba afise ubumuga ubwo aribwo bwose ,twogufasha !

Gufashwa n’umuganga karuhariwe imbona nkubone.

Nimba uvuga ururimi gw’icongereza terefona kuri izi nimero:
(716) 332-4175
support@parentnetworkwny.org
Kuva kuwa mbere gushika kuwa gatanu
Satatu zo mu gitondo gushika sakumi zo ku muhingamo

 

Parent Network of WNY

1000 Main Street

Buffalo, NY 14202

 

Ushaka gufashwa muri ibi bikurikira terefona vyihutirwa :

  • Gutanga inyigisho ku muntu umwe umwe
  • Inyigisho zihabwa abana bakiri bato
  • Ingorane zifatiye ku nyigisho idasanzwe
  • Ikiringo mfatakibanza co gutegura
  • Ingorane zijanye no kwiyunguruza
  • Ingorane zijanye no gukura kw’umwana no gutera imbere , ingwara zo mu mutwe , n’ibindi
  • Amakambi yo , aho guhurira nyuma y’ivyigwa n’ibindi.
  • Gutunganya (no gufaswa bidasanzwe)
  • Ubumuga bwihariye

 

Gusigura kubatavuga ururimi gw’icongereza

Kubashitsi bumva bataguwe neza n’ururimi hari izindi ndimi zikoreshwa kubera Parent Network of WNY iragufasha igusigurira ururimi witoreye kuko ifise indimi nyinshi.  Uku gufashwa gushoboka kubera hatangwa abasiguzi mu ndimi zishika kwi 140.

 

Gushiraho ingengabihe y’abatumva ururimi gw’icongereza

Ku batumva ururimi gw’icongereza bakeneye gusigurirwa bashobora kubitumenyesha bakoresheje iyi email: support@parentnetworkwny.org , utubwire umwanya wokubangukira hagati yo kuwa mbere no kuwa gatanu kuva satatu gushika sakumi unatubwira “ururimi ushaka ko tugusigurira”. Dusigire inimero yawe n’umwanya wipfuza ko twogufashirizamwo. Umuhinga mu bijanye no gusigurira abantu mu ndimi azoca aguterefona . Ushaka urutonde gw’indimi dukoresha fyonda ngaha .

 

Terefona kuri iyi nimero ukurikije amabwirizwa asabwa kubatumva ururimi gw’icongereza

· (716) 332-4175

 

·Uwukwitaba arakwitaba mu congereza

 

· Hama uvuge “ubufasha wumva waronka” unavuge “ururimi wipfuza”.

 

· Uzoca usabwa kubangira mu gihe tuzoba turiko turaguhuza n’umusiguzi kugira ngo agufashe kukibazo icarico cose woba ufise. Iki gikorwa kimara akanya gato nico gituma tugusaba kuguma ku murongo.

 

·Nimba  umusiguzi abonetse  umuhinga wa Parent Network of WNY niwe azoca aguha amabwirizwa ukurikiza canke agufashe muvyo wipfuza . Abasiguzi  akazi kabo ni ugusubiramwo ivyavuzwe si ugutanga amabwirizwa canke impanuro.

 

·Nimba umukozi wa Parent Network ya WNY w’umuhinga muvyo gufasha abantu adahari , dusigire ubutumwa canke email buvuga ko ushaka gufashwa n’ururimi ushaka gufashwamo . Uzosabwa gusiga kandi inimero yawe ya terefone  n’umwanya ukorohera kugira tuguterefone tuguhe inyishu. Umuhinga muvvyo gusigurira abantu mu ndimi azoca aguterefona . Ushaka urutonde gw’indimi dukoresha fyonda ngaha .

 

Mbega turi bande?

Parent Network of WNY ni ishirahamwe  ridaharanira inyungu ry’abanyamwuga ryigisha rikanafasha imiryango itunze abantu bakeneye gufashwa bidasanzwe. Kuva k’uwukivuka gushika k’uwukuze.

 

Parent Network of WNY ifasha umuntu imbona nkubone ibicishije mu nyigisho mu bikoresho , no mu Manama nkarisha bwenge hamwe no mu migwi ifasha imiryango y’abantu bamugaye kwumva ubumuga bwabo no kumenya ubryo bwo kubafasha .

 

Benshi mubagize Parent Netework of WNY ni abavyeyi b’abana bamugaye n’abakozi bakomeye ari nabo bafise ubunarabibonye bikadufasha kurangura neza amabanga tujejwe mu gufasha imiryango . Kuva mu mwaka wi 2001 aho Parent Network yongeye gukora yashoboye gufasha abantu bashika ibihumbi cumi (10,000) ku mwaka .

 

Ni bande duca dufasha?

Tumaze kumenya ko abanyamwuga , abavyeyi n’abafasha bafise uruhara runini mu gufasha abana bakeneye gufashwa cane kugira ngo batere imbere mu buzima bwabo , Parent Network yashize inguvu mu kwigisha abavyeyi n'imiryango ku bijanye no kuganira neza n’abajejwe gufasha babanyamwuga hamwe no gutera akamo bavugira abana babo. Parent Network kandi ikorana n’abakozi b’abanyamwuga mu gutanga inyigigisho zihoraho , ibikorwa vyo gupima n'inama nkarisha bwenge.

 

Inama nkarisha bwenge

Parent Network of WNY ikoresha izi nama nkarisha bwenge kugira ngo ifashe abavyeyi n’abakozi b’abanyamwuga kwumva neza ubumuga abana babo bafise no kubakarihiriza ubwenge kubijanye n’ingorane zifatiye ku ndero yabo bana.

 

Izi nama nkarisha bwenge zitangwa ku buntu ku miryango no ku bakozi b’abanyamwuga n’abafasha abamugaye.  Ku bijanye no kuronka aho umwana wawe yofashirizwa canke yorara, bisabe mu gihe wiyandikishije kandi biboneka mu gihe cy’icyumweru kimwe bisabwe.

 

Ido n’ido ku bijanye n’inama nkarisha bwenge, woraba ku muhora wa internet amatariki n’igihe .

 

Amakuru & Ibikoresho

Gutera akamo

Kugira uruhara mu ndero y’umwana wawe nico kintu gikomeye wokora kugira ngo umenye neza ko umwana wawe  ariko arafashwa  bikwiye  biciye mu kwiga kwiwe

 

• Agateka ko kwiga ku buntu mu mashuri ya Leta k’umwana wawe gategerezwa kwubahirizwa .

• Ufise uburenganzira bwo kugira uruhara mu ngingo zose zifatwa ku bijanye n'indero  y’umwana wawe no kumenya nimba umwana wawe akeneye gufashwa bidasanzwe.

•Ukwiye kwimenyereza ibijanye n’ agateka k’umwana wawe. Aka gateka gashyirwaho n’Itegeko rigena agateka ko kwiga ku bamugaye (IDEA).

• Ivyo umwana wawe ashoboye n’ivyo yunganira  bitegerezwa guhabwa agaciro muri buri kintu cose akoze.

 

Ido n’ido ku bijanye no gutera akamo , koresha umuhora wa internet ukoporora amakuru  k’urupapuro gwacu .

 

Gufashwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none

Gufashwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none bisigura igikoresho icarico cose gishobora gukoreshwa mu gufasha umunyeshure amugaye kugira ngo yige neza, caba ari icuma, canke ibijanye n'ubuhinga bwa none biguzwe canke ibihasanzwe vyokoreshwa muri ico gikorwa. Bisigura kandi uburyo bufasha umunyeshure yamugaye gucagura canke gushobora kugura igikoresho comufasha . Mu bigize ubwo buryo harimwo kuraba ivya nkenerwa, gukirikirana ibikorwa vyo kugorora abamugaye hamwe no gucagura iyo bariko baragura ibikoresho bibafasha n’inama nkarisha bwenge zihabwa umunyeshure cyangwa umuryango wiwe   kubijanye n’ubumuga bwo mu mutwe bwiwe .

 

Ubumuga bwo mu mutwe

Ubumuga bwo mu mutwe ni ingwara ifatira mu bwonko ikabubuza gukora neza . Ubu bumuga buca butuma no kwiga bidakunda kuko umurwayi adashobora gukurikira kandi iyo ngwara igatuma ashobora no kugira amagara make ,akisinzirirako akagira n’ingorane zitewe n’umushishito.

 

Ido n’ido ku bijanye n’amakuru kuri iyi ngwara yo mumutwe ja ku muhora wacu .

 

Inyifato

Inyifato bisiguye uko twifata iyo habaye ibintu bitandukanye canke turi ahantu hatandukanye. Uko umuntu yifata bifise insiguro ikomeye , abana rero barabikoresha bashaka kugushikiriza ubutumwa. Nk'abavyeyi rero ntidukwiye kuraba ingene abana bifata kugira ngo tumenye ibiriko birababako.

 

Gutanga ivyiyumviro bisanzwe ku mwana afise izo ngorane harimwo n’amabwirizwa meza , guhindura uburyo bukoreshwa n’igihe co kuruhuka.

 

Ido n’ido kubijanye n'imyitwarire , soma ku muhora wacu .

 

Kunena

Kunena ni uburyo bw’inyifato bukoreshwa mu guhahaza umuntu kubera ko atameze nk’abandi kandi bikaba kenshi na kenshi . Umwana ashobora gukurwa mu bandi agahohoterwa igihe kirekire . Ibi bituma agira igisebe ku mutima bigatuma ataryoherwa . Muri izi ngeso mbi izo twovuga ni nko kumwita amazina mabi ajanye n’ubuga bwiwe , kumwereka ibinoko kumuzomera, kumufyinisha umubabariza umutima, kumunena kw’abandi bana banka ko bakinana ,kumuturubika ,kumuvugako ibihuha , kumukubita , kumusunika no kumubabaza. Ubu ibigezweho ni ugukoresha imihora ya internet banena abamugaye .

 

Ido n’ido kubijanye no kunena abamugaye soma umuhora wacu wa internet .

 

Ubumuga mu bijanye n’imikurire

Ubumuga mu bijanye n’imikurire bisigura ubumuga bufata umuntu kuva akiri igitambambuga bukagenda bwiyongera uko agenda akura gushika ashikanye imyaka 22. Ubu bumuga bushobora gufata mu buryo butandukanye.  Butuma umwana adakura ningoga canke akagira izindi ngorane z’umubiri wiwe zimubuza gukora nkivyo abandi bakora canke bikamugora gukurikira mw’ishure no gukura neza nk’abandi.

 

Kenshi na kenshi umuntu abafise ubuga . Ibiro vy’amerika bijejwe abamugaye bikurikirana bikanatunganya ibikorwa biraba abamugaye vyakoze ubushakatsi ku bantu bashika ku 126.000 baba mu gisagara ca New York basanga bafise mwene ubwo bumuga harimwo n’ubumuga bwo gukirikira neza mw’ishuri , ubumuga bwo mu bwonko, pararize yo mu bwonko, ibifukunyi ,ingwara zifata imitsi y’ubwonko n’izifata ubwonko muri rusangi .

 

Ubumuga bwihariye

Abantu barenga umuriyaridi bafise ubumuga butandukanye. Kumenya amakuru ku bantu bamugaye baba bakiri uduhinja ,ari abana bato canke abantu bakuze biragorana cane . Dupima ubumuga bwose ku bana, harimwo kudakura neza , kudakurikira mw’ishure  n‘ibindi . Ariko ntibisiguye ko ubumuga bwose tuba tubumenye . Reka twerekane ubumuga dukunze gupima.

 

Ido n’ido kubijanye n’ubumuga budasanzwe soma umuhora wacu wa internet.

 

Ubumuga bwo gukurikira mw’ishure

Nimba umwana wawe bimugora mw’ishure kandi ukaba utazi ko ari ubwo bumuga bubitera , uzoca utangura kwibaza ivyo wahora ukora ukingana nawe ko uwo mwana wawe adashobora kubikora . Ubu bumuga kenshi na kenshi bukunze kwitwa ubutaboneka bufatira mu bwonko bugatuma ubwonko bw'umuntu budakora neza mu bijanye no kwiyumvira ivyo ashaka kwandika canke ariko ariga ibiharuro.

 

Ido n’ido kuri ibi tuvuze hejuru soma umuhora wacu .

 

Ubuzima bwo mu mutwe

Ingwara yo mumutwe  ni ingwara ihindura uko umuntu yiyumvira , uko yiyumva , uko akora , uko abana n'abndi , n'ivyo akora buri munsi. Umuntu ashobora  kunanirwa no gukora ivyo ubuzima bumusaba . Buri muntu wese yaba umwana canke uwukuze, abo mu madini yose abatunzi ,n’abakene ashobora gufatwa n’iyi ngwara. Hari ugupima gutandukanye ku bijanye no gusubira inyuma mu bwenge , agahinda , uburuhe burenze urugero bushobora gutuma ugwara. Ni vyiza kumenya ibimenyetso k’umwana vyerekana ko ashobora kuba agire afatwe niyo ngwara. Nugukurikiranira hafi imyifato y’umwana iyo ubonye atanguye guhinduka .

 

Ido n’ido kubijanye n’ingwara zo mu mutwe soma umuhora wacu.

 

Ingwara zifatira mu bwonko

Ingwara ifatira mu bwonko ni ingwara iya ariyo yose  ituma ubwonko budakora neza , kwononekara kw’ubwonko , imitsi ,n’uruti gw’umugongo canke izindi ngwara zo mu bwonko bishobora gutuma haza ibimenyetso bitandukanye vyerekana ko ugire ugware ingwara y’ubwonko . Mu mwaka wa 2006 Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kwisi ryerekanye ko ingwara zo mubwonko zifata abantu bashika umuriyaridi kwisi.

 

 

Inyigisho zidasanzwe

Mbega umwana wawe afise ingorane zijanye no gukurikira mw’ishuri ?

Mbega umwana wawe hari ingorane zidasanzwe zimubuza gukurikira neza ? Ganira n'abigisha canke abandi bantu bakora umwuga wo kwigisha bashobora kugufasha. Mfata ingingo k’ukuntu womufasha. Ushobora kuba umaze igihe ugerageza kumufasha ukoresheje ivyo yiga mw'ishuri bikanka . Igihe kirageze ngo ugeragereze mu zindi nyigisho zidasanzwe.

 

Mbega ukora iki mugufasha umwana wawe mugihe akeneye kumufasha birenze kugira ngo yige neza  ariko adakeye inyigisho zidasanzwe ? Soma integuro ya 504 umenye uko wobigenza ! Iyi nteguro yerekana ivyankenerwa kugira umwana wawe yige neza.

 

Ido n’ido ku bijanye n’inyigisho zidasanzwe soma umuhora wacu, integuro ya 504 na IEP

 

Ikiringo mfatakibanza

Hari ibihe bishobora kugora abanyeshuri gucamwo bishobora kubakomerera gucamwo .

 

Ikiringo mfatakibanza aho ushobora gufasha umwana hakiri kare habura imyaka mike ngo atangure ishure (nikuvuga afise imyaka 3)

Ushobora kubisanga ku muhora : http://www.kaleidahealth.org/childrens/services/display.asp?s=681

 

Ikiringo mfatakibanza kuva umwana ataratangura ishure gushika atanguye ishure (ni kuvuga afise imyaka itanu 5)

Ushobora kubisanga ku muhora wa : http://www.kaleidahealth.org/childrens/services/display.asp?s=681

 

Ikiringo mfatakibanza gushika umwana akuze (ni ukuvuga afise imyaka 14)

Ikiringo mfatakibanza gushika umwana akuze gifasha umunyeshure amugaye gutera imbere buhoro buhoro kuva akiri ku ntebe y’ishure gushika atanguye ubundi buzima : kwiga , kubaho gukora ,no gukina. Ibi bikorwa bifasha umunyeshure kubandanya gutera imbere mu bwenge no mu mashure y’imyuga canke amashuri makuru, kudandaza , gukora akazi, guhiganwa ,ibikorwa vy'abantu bakuze nko kwibako hamwe no kubana n'abandi.

 

Ibi bikorwa vyibanda cane kuri kazoza k’umunyeshuri harimwo inyungu ,ivyo akunda , ivyo ashoboye no kugira ubwenge bukenewe kugira ashike kuvyo yiyemeje.

Ido n’ido ku kiringo mfata kibanza , soma umuhora wacu.

1-on-1 Support, Call (716) 332-4175

site by ingenious inc. © 2017 All Rights Reserved, Parent Network of WNY